Ubugaru ni ubumuga mvukanwa bushobora kwibonekeza ku kuguru kumwe canke yose. Ukuguru kumugaye kwerekanwa n’uko guhindukiriye imbere womengo amano ashaka kuja ku gatsintsiri. Ubugaru buravurwa hakoreshejwe ubuhinga bw’Umuganga Ponseti. Mu masanamu akurikira ubuhinga bwa Ponseti burasigurwa mu korohereza abavyeyi gutegera ibirakorwa n’urukurikirane rwavyo. SAWBO irashima yongera ishigikira n’inguvu abaganga bakikuje isi bitanga batiziganya mu kuvura abantu bafise ubugaru.